Qu’est ce que c’est la munasa
978
post-template-default,single,single-post,postid-978,single-format-standard,bridge-core-1.0.5,ajax_fade,page_not_loaded,,qode_grid_1300,footer_responsive_adv,hide_top_bar_on_mobile_header,qode-child-theme-ver-1.0.0,qode-theme-ver-18.0.9,qode-theme-bridge,qode_header_in_grid,wpb-js-composer js-comp-ver-6.0.3,vc_responsive
 

Qu’est ce que c’est la munasa

Qu’est ce que c’est la munasa

CASOBU au service

-Urwo runani rushingiye k’umutima wo kwitwararikana uranga abagize urunani

Ibikorwa vyose biranguka bishingiye k’untererano z’abanyarunani. Dushimikiye kuvyipfuzo vy’  urunani n’intererano batanze,urunani rukora ibikorwa vyo gufashanya, gutegekanya hamwe no kwitwararikana mu bihe vy’ingorane zifatiye ku kibano. Ingorane ni ikintu gishika kitari ciza kandi utari witeze vyongeye n’amashirahamwe ategekaniriza kazoza abantu atabikorako. Navyo ni : indwara,ubusaza, kubura akazi, ………

Indwara zizana amananiza mu miryango ; zishobora kumara umwanya munini canke mbere zikaza zidasubira inyuma ku magara y’umuntu bigatuma gutakaza ibikoresho canke kudashobora gukora akazi. Ivyo vyose bigatuma haba isesagurika ry’ubutunzi bwo mu miryango

  • services complémentaire

    Ingorane z’indwara ziri kubiri :

-Hari indwara zikomeye zituma uja kwivuriza mu mavuriro akomeye. Muri ayo mavuriro hasaba uburyo bwinshi mbere burengeye na kure ubushobozi bw’imiryango yacu.

-Hari indwara zidakaze cane ziba galanga Bury buke ariko ziguma zisubiriza cane.

Indwara zidakaze zivurirwa mu mavuriro y’intango, izikaze nazo mu mavuriro yisumbuye. Ico twomenya ni uko uko twunguruza niko n’ibiciro vy’ukwivuza biduga.

 

Muri ayo mananiza y’indwara umwe wese agerageza kwiyungunganya ukwiwe canke naho abantu bakaja hamwe bakunga urunani rwo kuvuzanya.

  • Ingene abantu bashobora kwifata mu bihe vy’indwara

– Umuntu wese mu gihe ari umwe ashobora kugurisha ivyo atunze, kuja kugurana ariko agatanga inyungu mbere y’umurengera,kuja kuyakorera k’uwundi muntu, kuja kwa rumenyi, kwivura we nyene mu

En savoir plus