Les défis liés aux nouvelles adhésions
798
post-template-default,single,single-post,postid-798,single-format-standard,bridge-core-1.0.5,ajax_fade,page_not_loaded,,qode_grid_1300,footer_responsive_adv,hide_top_bar_on_mobile_header,qode-child-theme-ver-1.0.0,qode-theme-ver-18.0.9,qode-theme-bridge,qode_header_in_grid,wpb-js-composer js-comp-ver-6.0.3,vc_responsive
 

Les défis liés aux nouvelles adhésions

Les défis liés aux nouvelles adhésions

 

URUNANI RWO GUTEGEKANIRIZA AMAGARA

Y’ABANTU KU RWEGO RW’IGIHUGU

« MUNASA-TWITWARARIKANE »

AKARERE K’UBUSERUKO

INYIGISHO ZIHARIWE INAMA YA BOSE Y’INTARA

I.INZEGO ZO MU NTARA

Tuvuze « INTARA » mu runani rwo gutegekaniriza amagara tuba dushaka kuvuga akarere kagizwe n’intara zibiri canke zitatu canke zirenga zija hamwe mwitunganywa ry’ibikorwa vy’urunani.

Niho duheza tukabona mu ntara inzego zikurikira :

Inama nkuru yo mu ntara ;

-Komite nshingwabikorwa yo mu ntara ;

-Inama nkuru ya bose y’igisata ;

-Komite y’igisata.

1.Inama nkuru yo mu ntara

Inama y’intara ni urwego rwo guhuza ibikorwa vy’urunani rwo gutegekaniriza amagara y’abantu ku rwego rw’igihugu « MUNASA-TWITWARARIKANE »mu ntara.Urwo rwego rugizwe n’abantu bakurikira :

-Uwuserukira ubuyobozi bwa Eklezia Katolika mu ntara ;

-Indongozi z’amakomite y’ibisata ;

-Umunywanyi umwe yatumwe guserukira abanywanyi b’igisata;uyu rero ntaba ari muri komite

-Indongozi ya Komite nshingwabikorwa y’intara.

Abagize inama nkuru yo mu ntara baraheza bagatora indongozi yayo,icegera n’umunyamabanga.

Inama y’intara ijejwe :

-gucungera iyubahirizwa ry’amategeko ngenderwako n’ishirwa mu ngiro ry’ivyasabwe n’inama nkuru ya bose ;

-guteza imbere ishingwa ry’urunani mu gihugu cose no gushigikira ikora neza n’iterambere vy’urunani ;

-kugena no kubogoza abagize komite nshingwabikorwa y’intara co kimwe n’uwagenywe gukurikiranira hafi ubuzima bw’urunani n’icegera ciwe ;

-kwihweza no kwemeza ivyegeranyo vya komite y’intara ;

-kugena no kubogoza abakozi bo mu bisata bisabwe na komite nshingwabikorwa y’intara ;

-kwemeza integuro z’amahera azokoreshwa n’indimburo z’ivyakozwe na komite nshingwabikorwa y’intara.

Inama ya bose ikorana gatatu mu mwaka n’igihe cose bikenewe bisabwe n’ica gatatu c’abari muri yo.

2.Inama nshingwabikorwa yo mu ntara

Inama nshingwabikorwa yo muntara ni urwego rucungera ku musi ku musi ingene urunani rwo gutegekaniriza amagara y’abantu ku rwego rw’igihugu « MUNASA-TWITWARARIKANE » rukora mu ntara.

Abagize komite nshingwabikorwa y’intara batorwa n’inama y’intara bakamara ikiringo c’imyaka itatu congerwa rimwe.

Inama nshingwabikorwa y’intara igizwe n’abantu batanu aribo baba :

-Indongozi ;

-Icegera ciwe ;

-Umunyamabanga ;

-Icegera ciwe ;

-Umushinguzi.

Iyo komite nshingwabikorwa y’intara ijejwe :

-kwihweza ivyegeranyo vy’ivyakozwe mu bisata n’ukubishikiriza inama y’intara ngo ivyemeze ;

-gukurikirana ikoreshwa ry’ubutunzi bw’urunani n’intererano z’urunani ;

-kwakira no kwihweza impapuro z’abasaba ubuzi bahemberwa ,bakazishikiriza inama y’intara kugira komite nshingwabikorwa ku rwego rw’igihugu ibagene.

Inama nshingwabikorwa y’intara ikorana rimwe mu mezi abiri n’igihe cose bisabwe na batatu bari muri yo.

3.Inama nkuru ya bose y’igisata

Inama nkuru ya bose y’igisata nirwo rwego nyamukuru rwo gufatingingo zerekeye igisata.Iyo nama nkuru ya bose y’igisata igizwe n’abanywanyi bose b’igisata kandi ikorana rimwe gusa mu mezi atatu,igatumwako n’indongozi ya komite y’igisata.

Inama nkuru ya bose y’igisata ijejwe :

-gutora abagize komite y’igisata ;

-gutangaza iyirukanwa ry’umunywanyi hisunzwe icegeranyo gishikirijwe n’indongozi ya komite y’igisata ;

-guteza imbere urunani rwo gutegekaniriza muri kazoza amagara y’abantu mu gisata ;

-gukurikiranira hafi ingene abanywanyi bakirwa mu mavuriro,ingene bavurwa ;

-gukurikiranira hafi,gucungera imirimo ya komite y’igisata ;

-kwemeza ivyegeranyo vya komite y’igisata n’ibikorwa vyunganira abanywanyi.

4.Komite y’igisata

Komite y’igisata nirwo rwego rwa nyuma rw’urunani rwo gutegekaniriza amagara y’abantu ku rwego rw’igihugu « MUNASA-TWITWARARIKANE ».Igizwe n’abantu indwi batorwa n’inama nkuru ya bose bakamara ikiringo c’imyaka itatu congerwa rimwe gusa.Nibo b’aba :

-Indongozi ;

-Icegera ciwe ;

-Umunyamabanga ;

-Icegera ciwe ;

-Umushinguzi :

-Icegera ciwe ;

-Umuhanuzi.

None abo bagize komite y’igisata bajejwe iki ?

Abagize komite y’igisata,uruhara rw’abo ni ntayegayezwa mw’iterambere,mw’itunganywa ribereye ry’igisata.Biragaragara ko iyo muri komite y’igisata hari abareze amaboko ico gisata kigira abanywanyi bake,nabo nyene bakaboneka kubera inguvu z’abagerageza kwitanga batiziganya.

Nico gituma dushimye kwibutsa ,kubasanzwe babizi,no kumenyesha,kubari batabizi ibikorwa bitegerezwa kurangurwa n’abagize komite ku rugero rwa mbere.

-Gukurikirana ku musi ku musi ibikorwa vy’igisata ;

-gucungera ikoreshwa ry’amafranga n’imfashanyo zitangwa ;

-kurimbura ibikorwa vy’umukozi w’igisata ;

-kurondera abanywanyi bashasha no kwitwararika kugumana abahasanzwe ;

-kugiriranira imigenderanire myiza yo gufashanya n’ibigo vy’ubuvuzi ;

-kwakira abasaba kwinjira mu runani ;

-kwakira amakete y’abashaka gutanga imihoho.

Abagize komite y’igisata bomenya ko baserukiye abanywanyi bose b’igisata kandi bakamenya ko ari bo bene igisata.Niho boheza bagakora batiziganya bazi neza ko bariko barondera iterambere ry’igisata cabo.Ahandi ho bohava bahanga amaso ku nzego zo hejuru barindiye ko ariyo bazokura iterambere ry’abo.

Ivyo tubivuga twihweje ibiba mu bisata bimwe bimwe aho usanga umenga igisata ni ic’umukozi w’igisata,ugasanga niwe amenyekana cane kubijanye n’urunani.Ivyo bikerekana ko bamwe bose bataba bazi igihagararo cabo canke naho haba harimwo kwigira sindabibazwa.

Muri ico gihe,abakwega amaguru batuma ibikorwa vy’igisata bigenda nabi bopfuma basubirizwa n’abafise umwete wo gukora kugira igisata gitere kija imbere.

II.UMUKOZI W’IGISATA

Umukazi w’igisata arafise igihagararo ciwe nk’umunywanyi ariko akongerako ivyo abwirizwa kurangura nk’umukozi kandi azi neza ko yiyemeje, Kuko naho turiko turavuga ibikorwa vya komite y’igisata,iyo ikora ku neza y’igisata kandi igakorana umutima w’ubutangakivi.

Umukozi w’igisata si ukwo,i ruhande y’ubwo butangakivi,yongerako ubutumwa ajejwe bwo gukurikirana ibikorwa vy’igisata ku musi ku musi.Ntakindi gikorwa abibangikanya ku misi y’akazi nk’uko tuyizi : (kuva ku musi wa mbere gushika ku musi wa gatanu);ku masaha yakazi uko tuyazi mu runani rwo gutegekaniriza amagara y’abantu ku rwego rw’igihugu « MUNASA-TWITWARARIKANE »(kuva igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo itatu(7h30′) gushika isaha zitandatu) aho aheza agafata akaruhuko k’umwanya muto,kuva ico gihe c’isaha zitandatu (12h00′)gushika isaha indwi n’igice(13h30′) aho aba asubiye ku kivi gushika isaha icumi n’imwe(17h00′).

Umukozi w’igisata asabwe kwubahiriza ayo masaha atarindiriye ko bamucunga,akamenya kwicunga we nyene.Gucererwa bituma atakaza umwanya w’akazi bikagaragara iyo hageze kuraba ko abanywanyi biyongera,bisubiriza ,imigambi y’iterambere igisata kiriko kirarangura,raporo zitangwa ku kwezi nazo nyene zigaragaza ko umukozi w’igisata arangura neza canke nabi ubutumwa bwiwe.kubera ico,umukozi w’igisata abwirizwa :

-kwitanga atiziganya kugira ibikorwa vy’igisata bigende neza : abonye ko bitagenda neza niwe wa mbere yokwibaza ahari ingorane kugira, afadikanije na komite y’igisata, bayitorere umuti ;

-kwubaha,kugamburukira inzego zirongoye urunani;abakuru n’abato;abo basangiye ibikorwa kugira abanywanyi b’igisata bagume mu bumwe n’umwumvikano ;

-kuba ari umuntu afise ivyiyumviro vyubaka ,yugurukira bose (abanywanyi n’abatari abanywanyi) ;

-kutagengwa n’agatima ko kuvangura no gukumira yitwaje icari co cose,kirazira ko agira aho yegamiye n’aho yase ;

-kwirinda igikorwa ico ari co cose,amajambo n’inyifato bicafuza canke bigatakaza akaranga n’ishusho ibereye y’urunani rwo gutegekaniriza amagara y’abantu ku rwego rw’igihugu ;

-kubungabunga,kwubaha no kwubahiriza ibikoresho vyose yaronse kugira arangure neza imirimo yiwe, yorohewe(ibikoresho vyo mu biro,amakinga n’ibindi) ;

-kuba imvugakuri,atagirakarenganyo canke amahinyu akama ari umwizigirwa : kubw’ivyo yorangura neza ivyo vyose vyotuma atakaza ako karanga kiwe keza duhejeje kuvuga kugira yikingire ico cose cotuma agatakaza ;

-kwirimbura mu ntumbero yo kugira arabe ko ibikorwa vyiwe bijanye n’uko yiyemeje gukorera igisata ahandi ho twohava dusanga ariko yikorera ivyiwe muvy’ igisata.Kugira ivyo bishoboke,yokwiha intunganyo y’ibikorwa mu kiringo ashatse hanyuma akirimbura mu kuraba aho bigeze,ko ico yashaka cashobotse n’uko kitashobotse.Ivyo biboneka mu bisata bimwe bimwe usanga umukozi atazi ingene umwaka watanguye n’ingene waheze(atamugambi n’umwe yokwerekana w’iterambere baranguye canke biyumviriye mu gisata).

Umukozi w’igisata niwe abwirizwa kandi :

-guhagararira,guserukira inzego zijejwe gukurikirana ku musi ku musi ubuzima bw’urunani rwo gutegekaniriza amagara y’abantu ku rwego rw’igihugu « MUNASA-TWITWARARIKANE »mu gutanga amakuru,kumenyesha ku mwanya (adatevye)ikintu cose kibaye mu gisata no kumenyesha abanywanyi inkuru zishasha zose zivuye hejuru mu banywenyi hamwe no guhimiriza abashasha ngo binjire mu runani ;

-kwakira babanywanyi yigishije bakemera kwinjira mu runani n’abandi bose bavyipfuza tutibagiye kwitwararika kugumya abanywanyi basanzwe bari mu runani kugira barugumemwo bose.Aha niho iterambere ry’igisata rishingiye.Vyumvikana ko umukozi w’igisata ataronka abinjira mu runani canke nyene abo asanganywe ntibisubirize ataterambere mu gisata aheza ngo abone ;

-kwegeranya intererano z’amafaranga abanywanyi bivurizako:

Aha twohagabira kuko amahinyu atabura iyo hageze kwegeranya intererano mu gihe hari abatoza intererano bakazimarana igihe,ntibazishikane ningoga mw’ibanki yegeranirizwako,bakavamwo bayikorako abandi bakayajana mu migambi yabo.Twobamenyesha ko iyo bishitse hakaba uwufise iyo ngendo,ingingo zitamworohereza na gato zica zifatwa(kutanga ayo mafaranga vyanka bikunda ndetse no kubogozwa mu mabanga bibaye ngombwa) ;

-kwitwararika kubungabunga ibitabu vy’intonde z’abanywanyi,vy’imigambi y’abanywanyi b’igisata.Kubera icanditse cose gishobora gufasha muri kazoza,umukozi w’igisata abwirizwa kwandika ibikuru bikuru bibera mu nama z’igisata cane cane igitabu cerekana amafaranga asohoka n’ayinjira cuzuzwa n’umuco mwinshi kandi bijanye n’agasandugu kahari ;

-kwerekana,iyo habaye inama nkuru ya bose y’igisata, ingene ubutunzi bwifashe kugira abanywanyi baje baramenya aho ikigega cabo kigeze.Ivyo birafasha cane iyo ikigega kigiye mu kinogo babizi neza kuko amakenga ataheza ngo abe menshi ;

-gutanga icegeranyo c’ivyihwejwe mu nama nkuru y’igisata ku bajejwe urunani rwo gutegekaniriza amagara y’abantu ku rwego rw’igihugu « MUNASA-TWITWARARIKANE » mu ntara(akarere).Aha rero twobamenyesha ko umukozi atatanga izo raporo ari ikimenyetso c’uko atakiriko kirakorwo mu gisata(ubunebwe) canke ivyo bakora babigira ivy’iwabo(kwigungana) ukamenga igisata ni itongo ry’iwabo.

Ntitwokwibagira nyene n’abagaragaza intege nke ku kivi,usanga ibikorwa vyabo bigoyagoya hamwe hagize n’ico umuntu abasaba akarindira ukamenga siho bari,raporo zisabwa ukarindira ukabura.Hari nabo umuntu arondera akababura yabaza ati muri mu maki ikinyoma kikaba kirigeze ariko bomenya ko umusi umwe kizokubitirwa ahabona ;

-kwiyumvira imigambi y’iterambere rya kazoza k’igisata ,gutegura ingene ibikorwa bizorangurwa n’uburyo bukenewe kugira bavyigire hamwe mu nama nkuru ya bose y’igisata ;

-gutanga raporo ku kwezi ku kwezi kugira abajejwe ibikorwa vy’urunani rwo gutegekaniriza amagara y’abantu ku rwego rw’igihugu « MUNASA-TWITWARARIKANE » mu ntara bagume babona ingene igisata gihagaze(ko bari ku kivi canke basinziriye).

Ego nivyo,umukozi umwe, mu bisata bimwe bimwe vyagutse cane biragoye,birarusha,ariko ntivyumvikana ko urunani rumara imyaka irenga ibiri muri komine umukozi atarashika mu bice bimwe bimwe (imitumba) igize iyo komine ugasanga n’abarongozi bamwe bamwe ntabazi.Uca usanga hakiriho igice c’abantu gushika iyi saha batazi na kimwe ku bijanye n’urunani rwo gutegekaniriza amagara y’abantu kandi harimwo aboshobora kuba abanywanyi.

Umukozi w’igisata afadikanije na komite y’igisata bogerageza kuraba ingene bokwira hose kugira bagwize amahirwe yo kuronka abinjira mu runani canke bareke kwinjira ariko umuntu yabashikiriye akabamenyesha inyigisho z’urunani.

Hakaba ari no ngaha ndangirije izi nyigisho zari zishingiye ahanini ku kwibukanya uruhara rw’abari mu nzego zitandukanye mw’iterambere ry’urunani rwo gutegekaniriza amagara y’abantu ku rwego rw’igihugu  « MUNASA-TWITWARARIKANE »;kwibukanya ingene umwe wese yorangura amabanga ashinzwe n’umwete no ku mpanuro zo tuma twese tuja ku kivi bigaheza bikagenda neza,urunani rugaterimbere.

NDABASHIMIYE MWEBWE MWESE MWANTEZE AMATWI MUDATA HASI

UTUBAZO